Kaze mu kiganiro Wiriwe Maine co kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 21, ukwezi kw'icenda , umwaka w'i 2026.
Muri kino kiganiro, tugaruka ku musi mpuzamakungu wahariwe amahoro kw'isi, uhimbazwa kuri ino tariki nyene buri mwaka kuva muri 2002 , inyuma y'umwaka umwe ONU yemeje iryo genekerezo, naho kuva muri 1981 wari uzwi, ariko utaratangura kwizihizwa kw'itariki imwe kanuni. Muri kumwe na Eloge Willy Kaneza.
18 Aug 2026
Ivyo kumenya kukugura inzu canke ibibanza muri Maine
Muri kino kiganiro, umuhinga Didace Shima aratubwira bimwe muvyo abatari bake bibaza bakaburira inyishu ku bimukira bifuza kugura amazu, eka mbere n'amatongo yo kubakamwo inzu. Iki ni igice ca mbere. Murakoze kudukurikirana. Ni ahubutaha.
19 Jul 2026
IMIKORERE YA ICE IKOMEJE KWAMAGANWA MURI MAINE
Ikaze mu kiganiro Wiriwe Maine co kuri uyu w'Imana.
Muri iki kiganiro, turagaruka ku kibazo c'imikorere y'Igipolisi kijejwe abinjira n'abasohoka muri Amerika, ICE (U.S. Immigration and Customs Enforcement).
Ku wa 7 uku kwezi kw'indwi, umwimukira akomoka muri Mexique yararashwe n'abakozi ba ICE mu gisagara ca Houston, muri Reta ya Texas. Hanyuma, ku wa 13 uku kwezi nyene, uwundi mwimukira akomoka muri Colombie na we yararashwe mu gisagara ca Biddeford, hano muri Reta ya Maine.
Izo mpfu zose zibiri zatumye haba inyifato zitandukanye. Ku ruhande rumwe, ubutegetsi bwa Amerika bwafashe ingingo zijanye n'itohoza ry'ivyo vyabaye. Ku rundi ruhande, amashirahamwe aharanira uburenganzira bw'abimukira n'impirimbanyi bakomeje imyiyerekano n'ubukangurambaga bwo kwamagana ibikorwa vya ICE.
Kugira dutahure neza ico ICE ari co, ingene ikora, ico izi mpfu zishobora kuvyara muri politike y'ibibazo vy'abimukira, na canecane ingaruka zishobora kugira hano muri Reta ya Maine, twatumiye umusesanguzi Jean Hakuzimana, asanzwe arongoye umugambi wo gutuza no gufasha abimukira muri imwe muri reta zo muri Amerika.
Iki kiganiro mushikirizwa na Eloge Willy Kaneza.
Murakoze kuduhitamwo.
Contact Wiriwe Maine
Guest appearances
Books guests
Based on episode analysis; this does not confirm that the show is currently accepting guests.
Host of Wiriwe Maine?
Claim your podcast to manage its listing and keep your show details accurate.
Pod Engine is an independent podcast discovery and analytics service and is not affiliated with or endorsed by this podcast. Artwork and show content belong to their owners. Full legal notice.
Explore this show Podcast research with Pod Engine